Uko wahagera

Perezida Tshisekedi Yemeye Ko Agiye Kurekura Imbohe za Politike


Felix Tshisekedi arahira nka perezida mushasha wa Congo

Perezida mushasha wa Republika iharanira demokarasi ya Congo Felix Tshisekedi mw'ijambo ryiwe ryo kurahira kuri uno wa kane yemereye Abanyekongo ko agiye guhagurukira ikibazo c'ibiturire yavuze ko cazingamitse igihugu.

Perezida Tshisekedi yemeje uko umwaka utashe Congo itakaza ama miriyaridi n'amamiriyaridi y'amadorari kubera ibiturire.

Yemeye kandi ko agiye kwihutira kurekura imbohe za politike yongera ahamagarira Abanyekongo guharanira amahoro no kwihanganiranira mu budasa bw'ivyiyumviro vyabo vya Politike.

Perezida mushasha wa Congo yabwiye abanyagihugu isinzi baje kumushigikira mu kurahira kwiwe ko inzanko zifatiye ku moko zicitse umugani muri Congo.

Mu birori vyo kwimikwa nk'umukuru w'igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi yafashe akanya ko kwibuka se amuvyara, Etienne Tshisekedi, atashoboye gushikira ico kibanza c’umukuru w’igihugu yagwaniye umwanya munini.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG