Uko wahagera

Perezida Trump Yoba Agiye Gusivya Amatora y'Umukuru w'Igihugu?


Joe Biden azoserukira umugambwe w’abademokrate mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe abona ko Perezida Donald Trump azosivya amatora.

Ivyo Joe Biden yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu yabitangaje ku musi wa kane igihe yariko atororokanya amafaranga y’ugukoresha mu gikorwa c’ukwiyamamariza amabanga yo kuyobora Amerika.

Joe Biden, umudemokrate afise imyaka 77 muri iki gihe, avuga ko ari bwo buryo bwonyene Prezida Trump yiyumvira ko ashobora gutsinda amatora.

Yamara mu gihe ikiza c’umugera wa Corona kiriko gikwiragira muri Amerika no mu gihe Abanyamerika bari bamaze gutakaza ubuzi bwabo gushika ku musi wa kane w’iyi ndwi bari bageze ku miliyoni 26 n’ibihumbi 400, ibintu birahinduka.

Abitegereza politike y’Amerika bavuga ko inzira ya Trump y’ugutsinda amatora ishobora kugira ibibazo kurusha uko we n’abamushigikiye bari bavyiteze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG