Uko wahagera

Perezida Ndayishimiye Yise Abahanuzi Biwe "Abanebwe"


Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye.
Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi yagiriza amakoza arimo kudatonda ku kazi n'ubunebwe abakozi bakuru bakuru 8 bo mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi bari bamaze iminsi 15 mu bihano vyo guhagarikwa mu kazi. Prezida Evariste Ndayishimiye yategetse ko abo bakozi bokatwa ica kabiri c'umushahara wabo.

Abo n’abo ni umuhanuzi mu vyo kumenyeshamakuru Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru Charles Nkusi, uwujejwe ivy’ingendo Godefroid Bizimana, uwahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa Ndenzako, Albert Nasasagare yahora ari umukuru w’abajejwe kugendanira umukuru w’igihugu, Jean Marie Rurimirije, Colonel Firmin Mukwaya, na Pascal Barandagiye, yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru uri mu Rwanda ni we yaduteguriye ino nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:25 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG