Uko wahagera

Perezida Macky Sall wa Senegal Yishyize mu Kato


Perezida Macky Sall wa Senegal
Perezida Macky Sall wa Senegal

Prezida w'igihugu ca Senegal, Macky Sall yafashe ingingo y'ukwikumira inyuma yuko yegeye umuntu vyamenyekanye ko afise umugera wa corona.

Yatangaje kuri televiziyo ya Reta uno musi ku wa kane ko yafashe iyo ngingo y’ukwiumira mu kiringo c’indwi zibiri. Atangaza ko adashaka kugira uwo yanduza hamwe vyokwibonekeza ko afise uwo mugera.

Ibiro vya Prezida Sall vyasohoye itangazo mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu rivuga ko ibipimo vya mbere vyerekanye ko ata mugera wa Corona afise. Ko yamara naho ari uko azokwikumira mu kiringo c’imisi 15 bifatiye ku mpanuro z’abaganga.

Muri ico gihe, umushingamateka, Yeya Diallo yatangaje ku musi wa gatatu ko yasanze afise umugera wa corona inyuma yuko yipimishije. Yasavye abanyagihugu gufata ingingo zerekeye kwirinda kwandura uwo mugera n’ukuwukwiragiza harimwo kutegerana n’abandi.

Gushika ubu igihugu ca Senegal kimaze kwemeza zo abantu barenga 6,100 bafise umugera wa Corona mu gihe umaze guhitana 93.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG