Uko wahagera

Perezida Macky Sall wa Senegali Ashobora Kwegukana Iyindi Manda


Prezida Macky Sall ni we munyepolitike ari imbere y’abandi mu matohoza mu matora y’umukuru w’igihugu muri Senegali ategekanijwe ku musi wa mungu.

Amakuru atangazwa avuga ko aza imbere kubera imigambi yaranguye yatumye ubutunzi bwiyongera. Abanegura reta yiwe bavuga ko yapfunze abanyepoltike batavuga rumwe nawe ku mvo za politike.

Prezida macky Sall w'imyaka 57 y'amavuko ariko ahiganwa n’abanyepolitike bane. Ni ubwa mbere muri Senegali abakandida mu matora baba bake kuva mu 1988 inyuma y’aho abanyepolitike babiri, bari bazwi cane bakuriwe ku rutonde kubera ivyaha vya ruswa n’ukurya ibiturire bagirizwa.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko ico gitigiri gito c’abakandida bariko barahiganwa cerekana ko abanyepolitike batavuga rumwe na reta baburabujwe.

Yamara abanyagihugu hamwe n’abategetsi bo mu mahanga bashigikiye Prezida Sall barashimagiza ukuntu yateje imbere ubutunzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG