Uko wahagera

Perezida Evariste Ndayishimiye Asaba Igisirikare c'Uburundi Kuba Maso


Mu Burundi kuri uyu wa gatanu, Perezida Evariste Ndayishimiye yatanguje umwaka w’ishure ry’intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, ISCAM.

Yahamagariye abasirikare bose kuba maso muri ino minsi no kwitegura kurwanya umwansi aho yozanana hose. Ubwo butumwa bwagarutsweko kandi n’umushikiranganji wo kwivuna abansi n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare.

Kubw’umukuru w’igihugu, igisirikare c’Uburundi gikwiye kwama citeguriye kwivuna umwansi umwanya uwo ari wo wose, kandi ataho gihengamiye.

Igihe yariko atanguza umwaka w’ishure 2020/201 muri kaminuza ya gisirikare ISCAM, Perezida Evariste Ndayishimiye yongeyeko ko n’ubu umwansi atari kure, abasaba kuba maso.

Perezida Ndayishimiye, yibukije intwazangabo mu gisirikare ko zokwirinda abanyepolitike bozita mu rudubi nk’uko vyabaye muri kahise mu gushaka gufata ubutegetsi ku nguvu. Yabasavye kwumviriza impanuro z’ababakurira.

Muri ivyo birori, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare Prime Niyongabo, yemereye umukuru w’igihugu kwama amuyoboka, kandi ko agiye kwama abishishikariza abasirikare arongoye.

N’ayo umushikiranganji wo kwivuna abansi Alain Tribert Mutabazi, asaba ingabo kurikanura zigakingira imbibe z’igihugu.

Muri ivyo birori vyo gutanguza umwaka w’ishure rya gisirikare no guha impamyabushobozi abahejeje muri iyo kaminuza, abategetsi batandukanye bashimiye ingabo ko zakingiye igihugu mu myaka itanu iheze aho hari abo bise ko bahemutse bashatse guta igihugu mu kaga.

Hari n’abasirikare bahawe udushimwe, uwutwara ISCAM Colonel Gaspard Baratuza yashimangiye ko basubije ibintu mu buryo, bakagarura n’abasirikare yemeje ko bari bataye umurongo mu gushaka gutembagaza inzego mu mwaka w’2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG