Uko wahagera

Perezida Duterte Yifatiye mu Kanigo Perezida Obama


Perezida wa Filipine Rodrigo Duterte
Perezida wa Filipine Rodrigo Duterte

Perezida Rodrigo Duterte wa Filipine yatangaje kur’uyu wa kabiri ko Perezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika akwiye kuja mu muriro udahera. Mur’iryo jambo, Perezida Duterte yaneguye kandi Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya, mu kuvuga ko ariwe yorirungika mw’ipurugatori, kuko umuriro wuzuye.

Ivyo Perezida Duterte yabishikirije mu gihe yariko aranegura ivyashikirijwe ku bijanye n’igikorwa yatanguje co kugwanya ibiyayuramutwe, igikorwa kimaze guhitana abantu 3000 bahasize ubuzima, mu kiringo c’amezi atatu.

Perezida Duterte amenyesha ko kimwe mu bikorwa azorangura imbere y’uko aheza ikiringo ciwe c’imyaka itandatu ar’uguhagarika imigenderanire Filipine ifitaniye na Amerika. Akavuga ko yopfuma akorana n’Ibihugu vy’Uburusiya hamwe n’Ubushinwa.

Ni mugihe kur’uyu wa kabiri Amerika yatangura ikiringo gishasha c’imigenderanire y’igisirikare isanzwe ifitaniye n’Igihugu ca Filipine.

Josh Earnest, umuvugizi w’Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yatangaje kur’uyu wa kabiri ko ata gwandiko na rumwe bararonka ruvuye kwa Perezida Duterte, rusaba guhagarika imigenderanire ivyo bihugu ukw’ari bibiri bisanzwe bifitaniye.

XS
SM
MD
LG