Uko wahagera

Perezida Donald Trump Yoba Yararwanije Ivangura Rukoba?


Isanamu ya polisi ihangana n'abakoze imyiyerekano yiyamireiza ivangura rukoba muri Amerika
Isanamu ya polisi ihangana n'abakoze imyiyerekano yiyamireiza ivangura rukoba muri Amerika

Iragi rya Trump ku migenderanire y'abadasangiye urukoba, ryarahinyujwe n’amajambo yo gucanishamwo yari afise intumbere yo kwiyegereza abamushigikiye bagwiriyemwo abazungu.

Kuva agifata ubutegetsi, Prezida Trump yagumye avuga ko yakoreye vyinshi Abanyamerika b’abirabure kurusha abandi baprezida bose batwaye Amerika, kiretse Abraham Lincoln, naho ata na hamwe vyigeze bigaragara.

Yamara impera n’imperuka, abantu banonosoye ivyerekeye kahise ka Amerika bavuga ko ivyo yaranguye hamwe n’inyifato yo guhakana ivyavuye mu matora vyiyongera ku majambo yagumye ashikiriza abanyagihugu bamushigikiye bagwiriyemwo Abazungu, ashira ahabona ikibazo c’ivangurarukoba muri Amerika.

Intumbero yafashe yo kubiba amacakubiri mu banyamerika, yaribonekeje muri iyi ndwi, igihe abamushigikiye bagwiriyemwo abazungu batera ku nyubakwa y’abashingamateka, bishimikiye ibinyoma yakwiragije avuga ko amatora yibwe.

Trump yarashikirije akatari gake amajambo yerekana amacakubiri: Yaravuze ko Prezida Barack Obama, prezida wa Amerika wa mbere w’umwirabure, atavukiye muri Amerika, kandi ata cemezo na kimwe afise. Yarigeze kuvuga kandi ko abimukira bava mu gihugu ca Mexique bazana ubwicanyi muri Amerika kandi bafata abakenyezi ku nguvu.

Trump yaravuze kandi ko imirwi yose ibiri yatanye mu mitwe igihe c’imyiyerekano y’abazungu b’intagondwa bashira imbere ubwoko bw’abazungu, “White Supremacists” yabereye mu gisagara ca Charlottesville, muri leta ya Virginia, yarimwo abanyagihugu beza ku mpande zose bakunda igihugu.

Ku bindi, yarigeze kandi kuyagira abamushigikiye ababwira ko atabona igituma Amerika yokwemera kwakira abimukira bavuye mu gihugu ca Haiti canke mu bihugu vyo muri Afrika yavuze ko bimeze nk’umusarani, aho kwakira abanyagihugu bavuye mu bihugu nka Norvege.

Trump yarigeze no kwandika amakuru kuri Twitter yashaka gushikiriza umurwi w’abashingamateka bashasha barimwo abapfasoni atari abazungu, abasaba gusubira mu bihugu bavuyemwo, kubanza gukemura ibibazo vy’ubwicanyi biharangwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG