Uko wahagera

Perezida Donald Trump w'Amerika Yatanguye Imyiyamamazo


Trump mu kiganiro na Televizyo Fox
Trump mu kiganiro na Televizyo Fox

Perezida w'Amerika Donald Trump yatanguje igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza ku musi w’Imana ari ku cibutso ca Perezida Abraham Lincoln i Washington DC.

Yemereye Abanyamerika ko urucanco rw’ukwikingira ikiza c’umugera wa Corona ruzoboneka vuba. Yabasavye kwerekeza amaso yabo kuri kazoza kameze neza cane.

Mu kiganiro c’amasaha abiri yagiranye na televiziyo, Fox News, Prezida Trump yarondeye kwumvisha igihugu kigeramiwe n’umugera wa Corona n’ubushomeri bukomeye cane kuraba imbere.

Prezida Trump yatangaje ko umwaka utaha uzoba umwaka w’akataraboneka. Yariko yishura ibibazo vy’abanyagihugu hakoreshejwe ubuhinga bwa video.

Trump yatangaje ko ubuzi buzogaruka mu gihugu. Yamenyesheje ko Abanyamerika bosubira kwinezereza mu bibanza biri ku nkengera z’amabahari muri iki gihe c’ici kigiye gutangura, kandi amashule yugaye yosubira kwugurura mu kwezi kw’icenda.

Arishimiye ko urucanco rw’ukwikingira umugera wa Corona ruzoboneka imbere yuko uyu mwaka urangira. Ivyo naho abahanuzi biwe ku bijanye n’ubuvuzi bavuga ko urwo rucandago ruzofata igihe.

Ivya nyuma vyatohojwe nka vyose vyerekana ko Trump atariko avyifatamwo neza imbere y’amatora ategekanijwe kuba mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka. Yagirijwe ko yacanishijemwo abanyamerika mu gihe c’akaga mu gihugu.

Hari abamwagiriza kandi ko atahagurukiye hakiri kare ikibazo c’ikiza c’umugera wa Corona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG