Uko wahagera

Perezida Donald Trump na Macron Barabonana ku Kibazo ca Irani


Perezida wa Amerika Donald Trump na Emmanuel Macron w'Ubufaransa

Inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU igira 74 irakomeje i New York muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ku rutonde rw’ibitegekanijwe kuri uno wa kabiri harimwo umubonano Perezida wa Amerika Donald Trump aza kugirana na mugenzi we w’Ubufaransa Emmanuel Macron ku kibazo ca Irani na Arabiya Sawudite.

Perezida Macron yavuze ko aza kugira ibishoboka vyose kugira haboneke ibiganiro vyotuma icuka kibi kiri hagati ya Irani na Amerika kubera ibitero vyagabwe ku bigega vyimburirwamwo ibitoro muri Arabiya Sawudite gicureha. Ivyo bitero bikomeje kwegekwa kuri Irani naho ibihakana yivuye inyuma.

Hagati aho, ibiro vya Perezida w’Ubufaransa vyatangaje ko Perezida Emmanuel Macron ku mugoroba w’ejo ku wa mbere yari yabonanye kandi na Perezida wa Irani Hassan Rohani. Muri uwo mubonano wamaze hafi amasaha abiri, Perezida Macron yasiguriye Rohani aho Ubufaransa buhagaze ku kibazo c’ivyo bitero yongera amwumvisha ko hageze ko igihugu ciwe kigaruka ku murongo.

Muri uwo mubonano Perezida Macron yaririnze kugira ico avuze ku masezerano yo guhagarika guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vya nikleyeri Amerika iheruka kuvanamwo akarenge nkuko ibiro vyiwe bibivuga. Uwo mubonano wabaye inyuma y’uwundi muto Macron yagiranye na Trump. Ivyo bavuganye biracari ibanga.

Ntibiramenyekana nimba Perezida wa Amerika Donald Trump n’uwa Irani bompi bari i new York bazohava babonana amaso mu yandi. Gusa, intumwa idasanzwe ya Amerika muri Irani, Brian Hook yavuze ko haheze imyaka ibiri Perezida wa Amerika avuga ko yiteguriye guhura na Perezida wa Irani ariko ico gihugu kitigeze cerekana ishaka. Irani ku ruhande rwayo isigura ko ata butumire nyezina iraronka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG