Mw’itangazo Madamu Nancy Pelosi yasohoye yavuze ko imbabazi Perezida Trump yahaye Michael Flynn ari ikimenyetso c’uko “Trump ashaka gukoresha nabi iminsi yiwe ya nyuma ku butegetsi biciye mu guhonyanga amategeko”. Ku bw’uyo mupfasoni, Michael Flynn yari abwirijwe kwishura ivyaha bikomeye vyo gushira akaga umutekano w’igihugu yagirizwa
Pelosi muri iryo tangazo asigura ko ari ngombwa ko abashingamteka bazokorera mu ngata abahari ubu, bashiraho itegeko rikingira Demokarasi y'Amerika, rikazoshobora gutangira umukuru w’igihugu uwo ari wese igihe ashatse gukoresha ukutari ko ububasha afise bwo gutanga imbabazi.
Trump ejo ni ho yabababarira Michael Flynn kuri dosiye y’uruhara Uburusiya bwoba bwaragize mu kwivanga mu matora yo mu 2016. Incuro zibiri zose, Flynn yahoze ari umuhanuzi wa Trump mu vy’umutekano, yariyemereye ko yabeshe ibiro bijejwe iperereza ry’Amerika, FBI, ku bijanye n’ibiyago yagiranye n’uwahoze ari amnasaderi w’Uburusiya muri Amerika ku vy’iyo dosiye y’ukwivanga k’Uburusiya mu matora yashikanye Trump ku butegetsi.
Hagati aho, umuryango wa Michael Flynn wasohoye itangazo ushimira Trump yejeje uwabo.
Facebook Forum