Uko wahagera

Patrice Faye Yafashe Ingingo y’Ukwisonjesha


Patrice Faye yafashe ingingo y’ukwisonzesha kugira yiyamirize umunyororo yaciriwe n’ukugene afashwe mu munyororo.

Inyuma yuko aciriwe imyaka mirongo ibiri n’itanu mu munyororo ku vyaha vyuko yashurashuje abana b’abakobwa mu Burundi, umufransa, Patrice Faye yafashe ingingo y’ukwisonzesha kugira yiyamirize umunyororo yaciriwe n’ukugene afashwe mu munyororo.

Patrice Faye avuga ko apfungiwe ubusa, kandi ko urubanza rwiwe rudatera imbere, kandi ko atahawe uruhusha rw’ukuja kwa muganga kubera arwaye.

Uwuburanira Faye yarunguruje urubanza rwiwe yamara gushika ubu ntirurasubira mu ntahe y’icese

XS
SM
MD
LG