Uko wahagera

Pape Diouf Yahitanywe na Virusi ya Corona Azibukirwa Kuki?


Pape Diouf, yahoze ari umuyobozi mukuru w’umurwi w’umupira w’amaguru wo mu gihugu c’Ubufaransa, Olympique de Marseille, yitavye Imana ku musi wa kabiri mu gihugu ciwe c’amavuko ca Senegal.

Ni we munyasenegali wa mbere ahitanywe n’ikiza c’umugera wa Corona nkuko bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri Senegal. Pape Diouf yari afise imyaka 68 muri iki gihe. Yayoboye umurwi Olympique de Marseille kuva mu mwaka w’i 2005 gushika mu mwaka w’i 2009. Yariko yivuza mu bitaro vyo ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar, kuva ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye.

Prezida w’igihugu ca Senegal, Macky Sall yatangaje, mu butumwa ku rubuga Twitter, ko yakwirikiraniye hafi amagara ya Pape Diouf inyuma yuko ajanywe mu bitaro. Yamuteye iteka nk’umuntu afise igihagararo kinini cane ku bijanye n’inkino.

Umurwi Olympique de Marseille, yigeze kuyobora wamenyesheje ko azoguma ari mu mishaha y’abanyagihugu bo mu gisagara ca Marseille n’abakunzi b’uwo murwi.

Pape Diouf yaragiye mu bihe vya vuba mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika yo mu burengero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG