Uko wahagera

Papa Fransisiko Yaheraheje Urugendo Rwiwe muri Iraki


 Papa Fransisko na Perezida Sarbagh Salih
Papa Fransisko na Perezida Sarbagh Salih

Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisiko yasozereye urugendo rwiwe yari amazemwo imisi muri Iraki. Mu misi ine Papa yamaze muri ico gihugu kigwiriyemwo abayisilamu, yabonanye n’abakirisu, indongozi z’igihugu n’iz’idini rya Islamu. Abo babonanye bose yabahaye ahanini ubutumwa bufatiye ku kubana neza mu budasa bw’ivyiyumviro.

Perezida wa IrakiBarham Salih yari mu bamuherekeje ku kibuga c’indege c’umurwa mukuru Baghdad. Uru rugendo rwa Papa Fransisiko rugiye mu mateka ya Ekleziya Katorika: Ni we wa mbere mu barongoye abakatorika kw’isi agendeye Iraki. Papa Yohani Pawulo wa 2 yarigeze kubitegura ariko ashengera mu 2005 adashikanye uwo mugambi.

Papa Fransisiko yagendeye Iraki mu gihe Papa Benedigito wa 16 ari mu karuhuko k’izabukuru yari yamubujije. Mu kumubuza, yasigura ko arukoze mu bihe bitari vyo bivuye ku kiza ca Covi-19 n’umutekano.

Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisko avuye muri Iraki agendeye intara zitanu zirimwo izo mu burarukobw’igihugu , zibarizwamwo ibisigarira vy' amasengero ya Ekleziya Katorika yabomowe n’intagondwa ziyitirira idini rya Islamu, intara ya Ninive irimwo igisagara ca Mosul cahoze ari nk’ikirindiro c’intagondwa z’abayisilamu, n’igisagara ca Ur, Tell al-Muqayyar cavukiyemwo Iburahimu afatwa nka sekuruw'abakirisu, abayisilamu, n'abayahudi. Iki gisagara ni co cateye inyota ya Papa yo kugendera Iraki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG