Uko wahagera

Papa Fransisiko Azogendera Libani na Sudani yo mu Bumanuko


Papa Fransisiko

Papa Fransisiko yamenyesheje ko ababazwa n’ukubona amakuba abanyalibani baciyemwo muri uyu mwaka

Papa Fransisiko yemeye kuzogendera vuba Libani na Sudani yo mu bumanuko mu butumwa bw’umusi w’imbere ya Noheli yashikirije uno musi ku wa kane.

Mu bisanzwe umwungere wa Ekleziya Katolika aratangaza ibihugu azogendera mu butumwa bwo ku musi wa Noheli. Yamara yahisemwo kuvuga ivyo bihugu mu butumwa bw’umusi w’imbere yaho kubera ibibazo vyaciyemwo muri uyu mwaka.

Papa Fransisiko yamenyesheje ko ababazwa n’ukubona amakuba abanyalibani baciyemwo muri uyu mwaka.

Libani yarageramiwe n’ibibazo bikomeye vy’ubutunzi hamwe n’ivyago vyaturutse ku bintu bikoreshwa mu bitabizo vyaturikiye ku kivuko co ku murwa mukuru, Beirut kw’italiki 4 y’ukwezi kw’umunani. Abantu bagera ku 200 barahasize ubuzima. Ababuze ababo n’abasinzikajwe n’ivyabaye baracarindiye ibizova mu matohozwa.

Papa Fransisiko ategekanya kandi kugendera Sudani yo mu bumanuko mu gihe ibintu biriko bitera bisubira mu buryo muri ico gihugu.

Impande zirwanira ubutegetsi muri ico gihugu zarashizeho reta y’ubumnwe mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka. Hari inyuma y’imyaka itari mike y’ingwano yasinzikaje bikomeye ico gihugu.

Bitegekanijwe kandi ko Papa Fransisiko agendera igihugu ca Iraki hagati y’italiki 5 n’iya 8 z’ukwezi kwa gatatu kw’umwaka buca utangura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG