Uko wahagera

Papa Faransisiko Yasozereye urugendo Yahoramwo mu Bugiriki


Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Faransisiko yasozereye urugendo yahoramwo mu Bugiriki. Bumwe mu butumwa yagarutseko cane muri urwo rugendo rwamaze imisi itanu, bwahamagarira impande zitandukanye kwitaho impunzi n’abimukira bagerageza kwinjira ku mugabane wa Buraya.

Abimukira b’abanyeshure babiri barimwo umwe w’imyaka 18 yavuye muri Siriya yinjira mu Bugiriki aciye mw'ibahari, biganiye Papa Faransisiko ubuzima bugoye baciyemwo imbere yo gushika mu Bugiriki. Yababwiye ko ivyo baciyemwo n’aho ari inzira y’umusaraba vyari bikwiye kwigisha abakiri bato gukurikira indoto zabo.

Papa Faransisiko atahuka, yongeye yibutsa abakiri bato ko ugukurikira indoto z'umuntu bwite naho ari vyiza, abakiri bato mu kuzikurikira boraba ingene badatwarwa n’ibigezweho bibabesha ko ubuzima bworoshe.

Hagati aho, Papa Faransisiko asubira i Roma, yabonetse bimugora kwurira ingazi z’indege yamutahukanye. Azokwiza imyaka 85 igenekerezo rya 17 uku kwezi kwa cumi na kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG