Uko wahagera

Amatora Kamarampaka mu Buganda


, igihugu c’Ubuganda kizotangura gukoresha amatora arimwo amatora y’umukuru w’igihugu, amatora y’abashingamateka, amatora y’abakuru b’ibisagara hamwe n’amatora yo ku mitumba

Aho bukera ku musi wa gatanu, igihugu c’Ubuganda kizotangura gukoresha amatora arimwo amatora y’umukuru w’igihugu, amatora y’abashingamateka, amatora y’abakuru b’ibisagara hamwe n’amatora yo ku mitumba.

Mu matora y’umukuru w’igihugu, abanyapolitike bashika ku ndwi bazohiganwa na Peresida Yoweri Museveni, bakaba barimwo Dr. Kizza Besigye, bamaze guhiganwa agashika kabiri. Ayo matora atunganijwe mu gihe mu gihugu ca Cote D’Ivoire, amatora y’umukuru w’igihugu yabayemwo amatati akomeye, gushika aho n’ubu, ataratorerwa umuti.

Mbega amatora yo mu Buganda ashobora kubamwo ingorane, cane cane mur’iki gihe abanyapoltike batavuga rumwe na reta, bariko barashikiriza ibirego bivuga ko reta ya Uganda hamwe n’umugambwe uri ku butegetsi bariko barakora ibishobotse vyose kugira ngo, ayo matora yibwe?

Frederic Nkundikije yaraganiye n’abahinga mu vyerekeye politike hamwe n’incabwenge zikwirikirana politike yo muri Africa bagerageza gutorera umuti ico kibazo:

XS
SM
MD
LG