Uko wahagera

PAM: Muri Madagascar Abanyagihugu Bugarijwe n'Inzara


Umwana uzahajwe n'inzara muri Madagascar
Umwana uzahajwe n'inzara muri Madagascar

Ishami rya ONU ryitaho ibiribwa kw'isi PAM ritabariza abanyagihugu bo muri Madagascar bugarijwe n'inzara. Amer Daoudi atwara PAM muri ico gihugu avuga ko muri rusangi abanyagihugu bugarijwe n’ikigoyi ari n’imiburiburi umuriyoni umwe n’ibihumbi mirongo itatu na bitanu.

Abenshi muri abo banyagihugu ni abo mu bumanuko bw’igihugu babuze na kimwe baha umunwa, ubu bakaba babeshejweho no kurya udukoko tw’inzirye, amababi y’ibiterwa vyo mw’ishamba n’ivyamwa vyo mw’ishamba. PAM isigura ko iyi nzara iri muri Madagascar yatewe n’uruzuba rwinshi rumaze imyaka itanu ikurikirana rwaka, n’isegenya y’imisenyi ryaciye muri ico gihugu.

Mu kiganiro uwutwara iryo shirahamwe yahaye Ijwi ry’Amerika I Geneve mu Busuwisi yavuze ko ingwara zifatiye ku gufungura nabi zigeramiye abana, amasanamu yabonye ku rubuga mu rugendo yakoranye na bamwe mu bagize reta n’abadiplomate muri ico gihugu akaba ateye ubwoba. Yagize ati: “ Vyari biteye agahinda kenshi n’ubwoba. Si abana bonyene bishwe na kigoyi, mu bo twabonye harimwo abapfasoni n’abandi.”

PAM muri Madagascar yemeza ko muri ano mezi ane aheze, inzara yigwije na kabiri mu burere nka bwose bwo mu bumanuko. Iryo shami rya ONU aha rikavuga ko naho bigoye gutororokanya ibitigiri vy’abamaze guhitanwa na kigoyi, hari abatari bake iyo nzara imaze guhitana.

Amer Daoudi atwara PAM muri Madagascar yasiguriye umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika I Geneve ko mu bituma batamenya ivyo bitigiri ari uko nk’iyo umwana apfuye, abaryango bihutira kumushingura, mu nyuma ntibatange icegeranyo, bigaca biba akamizwe n’ingoma mu nzego. Naho biri uko, PAM yiyemerera ko hari aho yiboneye imitumba yo hagati mu gihugu abanyagihugu bose bataye baromoka baja mu bisagara bibegereye.

Daoudi yashimangiye ko iki kibazo kiriko cunyurwa n’ubukene bw’ibiribwa PAM yari isanganywe, bwatumye igabanya imfashanyo ku bagera ku bihumbi amajana indwi na mirogo itanu mu bakeneye gufungurirwa mu mihingo itandukanye. Amafaranga PAM ikeneye vyihutirwa ni amamiriyoni 75 y’amadorali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG