Uko wahagera

PAM Itabariza Imiliyoni n'Imiliyoni Bugarijwe n'Inzara Kw'Isi


Kuri ino foto, umupfasoni ateruye umwana wiwe bose bipima ibiro
Kuri ino foto, umupfasoni ateruye umwana wiwe bose bipima ibiro

Umukuru w’ibiro vy'ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe ikigega c’ibifungurwa, PAM yateye akamo abatunzi bo kw’isi kabasa gukora ibishobotse vyose kugira ngo abanyagihugu imiliyoni n’imiliyoni ntibicwe n’inzara.

David Beasley yabwiye inama mpuzamakungu ijejwe umutekano kw’isi ko akamo yateye mu mezi atanu aheze, kagabisha ko ikiza c’inzara gishobora gutikiza inganda kumviwe, kandi ko abanyagihugu bahanzwe n’ikigoyi barusimvye.

Yamara, kuri wewe ico kiza ntikiratuzwa ubutagisubira inyuma. Avuga ko imfashanyo zo kugarukira abanyagihugu imiliyoni 270 bageramiwe n’inzara igikenewe

Beasly yagabishije ko ikibazo c’amapfa kigeramiye ibihugu birenga 36 kandi ko gishobora kwiyongera mu bihugu vyari bisanzwe bihanzwe n’ico kibazo. Yatanze akarorero k’igihugu ca Kongo kigeramiwe n’ingwano hamwe n’umutekano muke, vyatumye abanyagihugu bashika imiliyoni 15 n’igice babura ibifungurwa bihagije.

Ikigega PAM kivuga ko gikeneye imfashanyo y’amadolari imiliyoni 4.9 (n’ibihumbi amajana icenda) vyo kugaburira abanyagihugu imiliyoni 30, bashobora kwicwa n’inzara mu gihe itobaronsa ibifungurwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG