Uko wahagera

Pakistani: Abantu 60 Bishwe mu Gitero c’Iterabwoba


Igipolisi co muri Pakistani kimenyesha ko abantu 60 bishwe abandi 160 barakomeretswa na bombe yatewe n’umwiyahuzi ku bitaro biri mu gisagara ca Quetta. Aho ni mu bumanuko bushira uburengero bwa Pakistani.

Abategetsi b’ivyo bitaro bamenyesha ko abarenga cumi mur’abo bakomeretse bababaye cane kandi ko n’igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera. Benshi mu bapfuye n’abashingwamanza.

Ico gitero cabaye haheze umwanya muto cane abo bashingwamanza bari bahejeje gukoranira kur’ivyo bitaro aho bariko biyamiriza kandi bibuka iyicwa ry’umukuru yar’arongoye urwego rwabo yishwe kur’uyu wa mbere nyene n’abantu bataramenyekana.

Abamenyeshamakuru hamwe n’abafata amasanamu bariko bakurikirana iyo myigaragamvyo nabo bari mu basize ubuzima n’abakomerekeye mur’ico gitero.

Akagwi k’intagondwa kiyonkoye kubatalibani mur’ico gihugu ca Pakistani kitwa, Jamaat-ul-Ahrar (JuA) katangaje ko ariko kakoze ico gitero.

Umuvugizi wabo yabwiye Ijwi ry’Amerika ko kagiye kugaba ibindi bitero nk’ivyo mu misi ir’imbere. Leta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje mu ndwi irangiye ko ako kagwi ar’umuhari w’iterabwoba.

Reta ya Pakistani, ibicishije k’umuvugizi wayo Kakar, itangaza ko ico gitero gikozwe mu kwihora ibitero reta ya Pakistani yar’imaze imisi ikora vyo kurwanya imihari y’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG