Uko wahagera

ONU: Zimbabwe Yihisha Inyuma ya COVID19 mu Gucinyiza Impande Zimwe


Umumenyeshamakuru Hopewell Chin'ono n'umunyepolitike Jacob Ngarivhume bahagaritswe
Umumenyeshamakuru Hopewell Chin'ono n'umunyepolitike Jacob Ngarivhume bahagaritswe

ONU yagiriza ubutegetsi bwa Zimbabwe kwiheka inyuma y'ikiza ca virusi ya Corona mu guhonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu. Igisata kijejwe agateka ka zina muntu muri ONU cashize ahabona ivyo vyagiriji uno munsi cishimikije uburorero bw’umumenyeshamakuru akora inkuru z’amatohoza muri ico gihugu, kimwe n’uwutavuga rumwe na Reta batawe muri yompi mu ntango z’ino ndwi.

Polisi ibafata, yabagirije kugumura abanyagihugu no kuba intambamyi mu kurwanya ikiza ca virusi ya Corona muri ibi bihe yise ibitoroshe vyo guhangana n'ico kiza.

Ico gisata cavuze kandi ko hari amakuru gifise y’Abaforoma bahagaritswe bari mu myiyerekano yo gusaba agashahara kisununuye. Cabandanije gisigura ko nubwo gitahura ko amakoraniro muri bino bihe ari ayo kwirinda, polisi yarenze akarimbi mu gukoresha inguvu muri iyo myiyerekano no guta mu mvuto abayikora.

Abamaze kwandura umugera wa Corona muri Zimbabwe bariko bababa 1800. Ku ruhande rumwe, ONU irashima ko Reta y'ico gihugu iriko iragira inguvu mu gukumira ikiza ca Corona, ariko ku rundi ruhande ikayihamagarira kutagifata nk’icitwazo mu gucinyiza abataryohera ugutwi kwayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG