Uko wahagera

ONU Yakuyeho Umurwi Ukora Amatohoza ku Gateka ka Muntu mu Burundi


Inama ya ONU ijejwe agateka ka muntu
Inama ya ONU ijejwe agateka ka muntu

Inama nkuru ijejwe agateka ka zina muntu ya ONU yakuyeho umugwi w’iryo shirahamwe war'umaze imyaka 5 ukora amatohoza ku gateka ka zina muntu mu Burundi.

Haciye hagenwa umuhinga yigenga adasanzwe azohora akurikirana ico kibazo. Abatari bake mu baharanira agateka ka zina muntu muri ico gihugu babona ko amakungu ariko araheba Uburundi bukebuke. Yamara, ku bandi bakorera mu gihugu bobo akamwemwe ni kose. N’umukuru w’igihugu yemeza ko iyo migwi mvamakungu itagikenewe mu gihugu arongoye.

Ingingo ishiraho intumwa idasanzwe izoba ijejwe gukora raporo ku Burundi muri ONU ivuga ko akazi nyamukuru kayo ari: Kuba ijisho n’ugutwi kwa ONU ku vyerekeye agateka ka zina muntu, guhanura reta mu ngingo zerekeye agateka ka zina muntu, kuba hafi y’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe uburenganzira bwa muntu muri ico gisata ONU ibona ko kidasanzwe.

Umviriza inkuru yose ngaha ku ijwi ry'Amerika

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:21 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG