Uko wahagera

ONU Yagiriza Uganda Gukoresha Nabi Uburyo Bwagenewe Impunzi


Zimwe mu mpunzi zo muri Sudani y'Epfo zirindiriye Gucumbikirwa muri Uganda

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryahamagariye igihugu ca Uganda gutanga umuco no gutanguza amatohoza ku vyagiriji “vy’urudandazwa rw’abantu” rwoba rukorerwa impunzi ziri mu makambi y’ico gihugu.

Rosa Malango, umutunganya bikorwa vya ONU muri Uganda, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP ko mw’ikete yarungikiye umushikiranganji wa mbere wa Uganda mu mpera z’ukwezi kwa mbere, yerekanye amakenga afatiye ku biturire, idandazwa ry’abapfasoni n’abigeme hamwe n’iterabwoba rikorerwa abakozi ba ONU muri ico gihugu.

Abapfasoni n’abigeme baturuka muri Sudani y’Epfo nibo boba babangamiwe n’urwo rudandazwa, aho abacuruzwa baja kugirwa abagore b’abarwanyi muri Sudani y’Epfo.

Ku vyerekeye ibiturire n’ugukoresha nabi uburyo bwagenewe impunzi, amashirahamwe mpuzamakungu yemeza ko ibiharuro vy’abahungiye muri Uganda bigagamishwa mu ntumbero yo kunyuruza ivyagenewe izo mpunzi.

Abagirizwa ivyo vyaha ahanini ni abakozi ba Reta bakorera mu bisata bitandukanye vyitaho impunzi. Umwe mu ba dipolomate bo hejuru atashatse ko amazina yiwe amenyekana, yemeza ko amashirahamwe amwe amwe aza yaramaze guhagarika imfashanyo yaha impunzi biciye mu bisata vya Reta.

Umupfasoni Malango avuga ko ubutegetsi bwa Uganda bwemeye ko bugiye gukurikiranira hafi ivyo birego vyose kandi ko amatohoza aza yatanguye ku rwego rwa ONU biciye mw’ishami ryitaho impunzi (HCR), n’irijejwe ibiribwa (PAM).

Ibitigiri bitangwa n’abategetsi ba Uganda vyemeza ko muri ico gihugu hari impunzi ziharurwa muri miriyoni cumi na zine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG