Uko wahagera

ONU Yongeye Gufatira Ibihano Koreya ya Ruguru


Prezida Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru
Prezida Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru

Kur’uyu wa gatatu, Abagize Inama ya ONU ijejwe umutekano batoye atawuvuyemwo, itegeko risaba kubandanya ibihano vy’ubutunzi ku gihugu ca Koreya ya Ruguru, bivuye ku gikorwa yakoze co gupima ibigwanisho vy’ubumara.

Ibihano Koreya ya Ruguru yafatiwe bikaba ar’ibijanye n’ivy’ubutunzi busanzwe bugifasha gukora za missile balistike, ibishobora kuba bifise agaciro k’ama miliyoni arenga amajana umunani y’amadolari ku mwaka Koreya y’Uburaruko izoba ihomvye.

Iryo tegeko rigabanya kandi ku bice mirongo itandatu kw’ijana, urudandaza gw’ibizutu Koreya ya Ruguru yahora idandariza mu makungu. Abahinga bakavuga ko ugwo rudandazwa rungana n’imiliyoni amajana indwi z’amadolari k’umwaka.

Inama y’Umutekano ya ONU imenyesha ko ivyo bihano bitagana abanyagihgu ba Koreya ya Ruguru, basanzwe bari mu ngorane zitandukanye. Mwomenya kandi ko Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Baan Ki-Moon yari yitabiye ayo matora, ibidakunze kuboneka.

Baan Ki-Moon, yahoze ar’umushikiranganji ajejwe imigenderanire muri Koreya ya Ruguru, bivugwa ko inyuma y’ikiringo ciwe nk’Umunyamabanga Mukuru wa ONU, ikiringo ategekanya guheza itariki ya 31 y’uku kwezi kwa 12, ashobora kuja kwitoza nk’Umukuru w’Igihugu aho muri Koreya ya Ruguru.

XS
SM
MD
LG