Uko wahagera

ONU Ntiyizeye ko Amatora Azogenda Neza muri RDC


Imyiyerekano yo gusaba perezida Kabila gukinjura
Imyiyerekano yo gusaba perezida Kabila gukinjura

Umukuru w’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU citaho agateka ka zina muntu, Zeid Ra'ad al-Hussein, yatangaje kuri uno wa kane ko uguhonyanga agateka ka zina muntu kuvugwa muri Kongo bituma haba amakenga kw'itunganywa ry'amatora yimirije.

Zeid Ra'ad al-Hussein yasiguye ko Reta ya Kongo itariko irakurikiza ingingo zijanye no gutegura neza amatora nkuko yari yavyiyemeje mu masezerano y’umwumvikano yapfunditswe mu mwaka wa 2016.

Muri izo ngingo, harimwo ukwubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu mu kwishira no kwizana kwabo, ukurekurigwa kugira amanama mu mutekano, ukurekura abanyororo bapfungiwe imvo za politike no kurengukisha abagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu.

Bitegekanijwe ko amatora muri Kongo aba mu mpera z'ukwezi kwa cumi na kabiri uno mwaka.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG