Uko wahagera

ONU Ivuga ko Ifise Impungenge kuri Perezida Mushasha w'Uburundi


Doudou Diene arongoye umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi
Doudou Diene arongoye umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi

Icegeranyo gishasha c'urwego rw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe amatohoza ku Burundi cerekana impungenge zikomeye kuri prezida mushasha w'Uburundi.

Uwo mugwi uvuga ko inyuma y’amatora yo mu 2020 y’umukuru w’igihugu, ingingo nshasha zafashwe, abayobozi bashizweho n’amajambo yavuzwe n’ubwo butegetsi bushasha; vyose bitera amakenga kurusha uko bitanga icizero canke bihumuriza.

Doudou Diène arongoye uwo mugwi ushinzwe amatohoza ku Burundi, avuga ko bakwirikiranye ibiriko biraba bitonze kugira ngo barabe ko intwaro nshasha yohindukira ikava mu nzira yo gusambura yasimbataye mu gihugu kuva mu 2015.

Avuga ko gushika ubu nta karusho barabona kuva Perezida Evariste Ndayishimiye afashe ubutegetsi.

Uwo murwi uvuga ko Ivy’intwaro rusangi vyunyutse, ukudahana ivyaha vyimonogoje kandi atacemeza ko n’ivyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu vyoba vyaragabanutse kuri iyi ntwaro nshasha

Icegeranyo c’uwo murwi kikaba cerekana ko amabi akomeye mu vyerekeye ihonyanga ry’agateka ka zina muntu yakozwe mu gihe c’amatora ya 2020. Amabi yatororokanijwe akaba arimwo ubwicanyi, ugufata n’ugufunga abantu bidaciye mu mategeko, ihohotera n’ivyaha bifatiye ku gitsina.

Yongeye avuga ko bizeye ko intwaro nshasha izokora ibintu biboneka kugira ibimenyetso bigaragaza ivyaha bigabanuke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG