Uko wahagera

ONU Iramagana Ityozwa ry'Agateka ka Muntu muri Kongo


Umusoza wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo ari kumwe n'aba ONU

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangeje, uno musi ku wa kane, ko ribabajwe n’ugusubira kwiyongera kw’ityozwa ry’agateka ka muntu rikorerwa muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo.

Ishirahamwe ONU rifatira ku cegeranyo cagiriza igipolisi n’igisirikare ku ruhara runini kur’iryo tyozwa ry’agateka ka muntu.

Ibiro vy’ishirahamwe ONU muri Kongo, MONUSCO, ryatohoje ityozwa ry’agateka ka muntu ryakozwe incuro zitari nke mu gihugu mu kwezi kw’wicumi, harimwo ubwicanyi ndengerabutungane n’ugufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu. MONUSCO imenyesha kw’ityozwa ry’agateka ka muntu ryiyongeye ibice mirongo itandatu kw’ijana mu mezi abiri ashize.

Ibiro vy’ishirahamwe ONU bijejwe agateka ka muntu bimenyesha kw’igipolisi n’igisirikare hamwe n’izindi nzego zijejwe umutekano arivyo vyagize uruhara runini cane mur’iryo tyozwa ry'agateka ka muntu, harimwo ubwicanyi ndengerabutungane bwakozwe ku bantu mirongo itanu na batandatu.

Raporo ya MONUSCO yagiriza kandi imirwi yitwaje ibirwanisho mu gihugu ko nayo nyene yatyoje incuro zitari nke agateka ka muntu.

Ibirenga ibice mirongo itandatu kw’ijana vy’ityozwa ry’agateka ka muntu muri Kongo bikorerwa mu ntara zigeramiwe n’intambara. Izo zirimwo intara za Ituri, Kivu yo mu buraruko, Kivu yo mu bumanuko na Tanganyika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG