Uko wahagera

ONU Isaba Amakungu Kubahiriza Ambargo y'Ibirwanisho muri Libiya


Ishusho ngereranyo yerekana bamwe mu basirikare ba Libiya
Ishusho ngereranyo yerekana bamwe mu basirikare ba Libiya

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba ibihugu vyose kwubahiriza ingingo yaryo iziririza ibirwanisho mu gihugu ca Libiya. Urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi rwemeje iyo ngingo ku musi wa kabiri. Iyo ngingo isaba kandi abacangero bose kuvanwa muri Libiya.

Urwo rwego rwasavye kandi ko haba ibiganiro hagati y’impande zitana mu mitwe hamwe n’agahengwe hagati yazo. Rumenyesha ko ata nyishu ya gisirikare ishobora gushikwako.

Iyo ngingo ya ONU ikwirikiye icegeranyo giherutse gusohorwa n’abahinga bayo bakwirikirana iyubahirizwa ry’ibihano kuri Libiya cagiriza impande zitana mu mitwe n’ababashigikiye bo mu mahanga ko barenze kw’iziririzwa ry’ibirwanisho muri ico gihugu. Abo bahinga bamenyesha ko ingingo ya ONU iziririza ibirwanisho muri Libiya ibandanya kutubahiririzwa.

Ingingo ya ONU isaba ibihugu vyose kwubahiriza iziririzwa ry’ibirwanisho muri Libiya irongereza kandi ikiringo c’ibiro vyayo muri Libiya, UNSMIL, gushika mu kwezi kw’icenda mu mwaka uza.

Libiya yiciyemwo ibice bibiri inyuma yuko umutegetsi yatwaza agahotoro, Moammar Ghadafi akuwe ku butegetsi mu mugumuko wabaye mu mwaka w’i 2011. Hari amareta abiri agwanira ubutegetsi muri ico gihugu. Reta imwe ifise icicaro mu buseruko bw’igihugu mu gihe iyindid iri mu burengero bw’igihugu.

Ayo mareta uko ari abiri afise abarwanyi bashigikiwe n’ibihugu bitandukanye vyo mu mahanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG