Abaserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bagabishije kur’uyu wa gatatu ku ntureka zishobora kwaduka muri Sudani y’Ubumanuko. Ivyo vyatangajwe n’uwuserukira Amerika mu nama ijejwe agateka ka zina muntu muri ONU, Keith Harper.
Uwuserukira Sudani y’Ubumanuko muri ONU aramirira kure ivyo birego. Kuol Alor Kuol Arop, yatangarije mu kinyamakuru Associated Press ko ata mugambi na muto kandi ata mugwi numwe ugamije gukora mwen’ivyo bitero.
Ikinyamakuru Associated Press kimenyesha ko mu ntango z’iyi ndwi, Reta yimye uburenganzira umugwi war’ujejwe gukora amatohoza, bwo gushika mu ntara ya Equateur du Centre. Reta Zunze Ubumwe za Amerika ikaba yaragabishije kwugarira imihora Sudani y’Ubumanuko ku bijanye n’ibigwanisho vyinjira mu gihugu, yamara iyo ngingo ntiyemewe na bose mu nama ya ONU.