Uko wahagera

ONU Ihangayikishijwe n'Uko Incanco Zitariko Zirashika mu Bihugu Vyose


Umunyamabanga Mukuru wa ONU Antonio Guterres
Umunyamabanga Mukuru wa ONU Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, Antonio Guterres, yasavye ko hashirwaho umugambi w'ugukingira abantu ikiza ca Covid-19 mu bice bitandukanye vyo kw'isi.

Guterres yagabishije ko kuba ata buringanire buhari mu twigoro twa mbere tw’ugukingira abanyagihugu ikiza ca Covid-19 bishobora kugira ingaruka zikomeye ku magara y’abantu n’ubutunzi kw’isi.

Igihe yugurura inama idasanzwe yo ku rwego rw’abashikiranganji bajejwe imigenderanire y’urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi ku bijanye n’incandago, Guterres yagabishije ko ibihugu 10 gusa vyo kw’’isi arivyo bimaze gutanga ibice 75 kw’ijana vy’incandago zigenewe kwikingira ikiza ca Covid-19 muri iki gihe. Ibihugu 130 ntibiratangura gucandaga abanyagihugu bavyo na gato.

Guterres amenyesha ko amakungu akeneye vyihutirwa umugambi ugenewe gucandaga abanyagihugu mu bice bitandukanye vyo kw’isi. Avuga ko amakungu akeneye guhuza vyihutirwa abo bose bafise ububasha, ubuhinga mu vyerekeeye ubumenyi n’abafise ubushobozi mu bijanye n’amafaranga.

Atangaza ko ibihugu bikomeye cane mu vy’ubutunzi bigize umurwi G20 bishobora gushiraho umurwi ujejwe kwihweza ico kibazo ushobora gufasha ishirahamwe ONU.

Avuga ko hamwe umugera wa Covid-19 worekurirwa gukwiragira mu bihugu bikenye, woguma uhindagurika mu vyotuma ubwoko bushasha bwawo bwandukira kandi bwiha inganda kurushiriza. Ivyo navyo bikaba bishobora kugeramira ugukora neza k’incandago zihari muri iki gihe.

Guterres avuga ko ivyo bishobora gutuma ikiza ca Covid-19 kimara igihe kirekire kurushiriza mu vyotuma gisubira kugeramira ibihugu bitunze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG