Uko wahagera

ONU Yarungitse Intumwa Yayo mu Burundi


Jamal Benomar, Intumwa isadasanzwe ya ONU, ku bibazo vya politike mu Burundi
Jamal Benomar, Intumwa isadasanzwe ya ONU, ku bibazo vya politike mu Burundi

Inyuma y’aho Reta y’Uburundi yiyamirije ingingo ya 2303, y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, kubijanye no kurungika inteko mvamakungu mu Burundi, Jamal Benomar, intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, amenyesha ko Inama nkuru ya ONU yamutumye gusubira mu Burundi, gugirana ibiganiro na Reta y’Uburundi.

Jamal yatangaje ko Inama nkuru ya ONU yamutumye kwumviriza ibibazo vya Reta y’Uburundi, no gusigurira Reta y’Uburundi intumbero ya ONU. Jamal avuga ko ugwo rugendo gwiwe rufise intumbero yo kugirana ibiganiro na Reta y’Uburundi, ibiganiro vyubaka kandi bitera bija imbere.

Jamal avuga ko yizeye ko umuti w’ibibazo vy’Uburundi atahandi uri atari mu biganiro hagati y’abanyepolitike. Avuga kandi ko mu myaka cumi iheze, igihe har’intambara yahitanye abarundi ibihumbi n’ibihuhumbi, abarundi bagaragaje ko bashoboye kwicarana bagatorera umuti ibibazo vyabo, babifashijwemwo n’ibihugu vyo mu karere n’amakungu. Yibukije ko Uburundi buriko burafasha mu kugarukana amahoro mu bindi bihugu.

Intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Jamal yavuze ko kazoza k’abarundi kari mu minwe yabo, kandi ko yizeye ko hagiyemwo ubushake n’uburongozi bwiza, abarundi bashobora gutora umuti w’ibibazo vyabo, biciye mu biganiro no mu mwumvikano.

XS
SM
MD
LG