Uko wahagera

Burundi: Abahinga 100 b'Afurika Barategerejwe


Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo yavuze ko Leta y’Uburundi yiyemeje gushiraho icuka corohereza imigambwe gukora atankomanzi n’ukorohereza ibimenyeshamakuru. Perezida Zuma yanavuze icumurayango w’ubumwe bwa Afrika ugiye gukora.

Perezida Zuma yasavye amakungu gushigikira utwigoro tw’abarundi mu nzira y’ukurondera amahoro n’iterambere rirama. Umukuru w’igihugu ca Afurika y’epfo ari nawe yararongoye intumwa zo ku rwego rwo hejuru z’ubumwe bwa Afrika yanamenyesheje umwitwarariko bajanye na bimwe mu bibaha icizere.

Abakuru b’ibihugu bane uwa Afrika y’epfo Jacob Zuma, uwa Moritaniya Mohamed Ould Abdel Aziz, uwa Gabon Ali Bongo Ondimba, uwa Senegal Maky Sall hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Hailemariam Desalegne bahora mu Burundi mu rugendo rw’imisi ibiri. Bari batowe mu nama y’abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika mu mpera z’ukwezi kwa mbere kugira baze gufasha gutorera umuti indyane ziri mu Burundi.

Mu kiringo c’ukwezi kumwa intumwa z’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano, umunyamabanga mukuru wa ONU ubwiwe Ban Ki-moon n’izi ntumwa zidasanzwe z ‘ubumwe bwa Afrika bagendeye Uburundi muriyo ntumbero nyene.

Ban Ki-moon yibukije ko ata gihe c’ugutakaza kikihari.

Eloge Willy Kaneza, Bujumbura, ijwi rya Amerika.

XS
SM
MD
LG