Uko wahagera

ONU: Abateshejwe Izabo Uno Mwaka Biyongeyeko Imiriyoni 84


Umupfasoni yateshejwe urwiwe muri Yemeni
Umupfasoni yateshejwe urwiwe muri Yemeni

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko igitigiri c'abantu bavuye mu zabo kw'isi ciyongeye gushika ku bantu barenga imiliyoni 84 mu gice ca mbere c' uyu mwaka.

ONU ivuga ko igitigiri c’abavuye mu zabo, benshi muri bo bari mu bihugu vyabo, cagera ku miliyoni 82 n’ibihumbi n’amajana ane mu mpera z’umwaka w’i 2020. Isigura ko ico gitigiri congerejwe cane cane n’intambara muri Afrika

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe HCR, Filippo Grandi, avuga ko amakungu yananiwe guhagarika uruhagarara n’ubwicanyi, itoteza ry’abantu n’ihonganywa ry’agateka ka muntu bibadanya gutuma abantu bava mu ngo zabo. Vyongeye, avuga ko ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe biriko vyunyura ibibazo vyari bihasanzwe mu bice vyakiye abavuye mu zabo.

Icegeranyo c’ishirahamwe HCR kivuga ko igitigiri c’abantu babonwa nk’impunzi carenga imiliyoni 20 mu gice ca mbere c’uyu mwaka. Igitigiri c’abasaba ubuhungiro ni imiliyoni 4 n’ibihumbi 400. Abantu umuliyoni n’ibihumbi 100 barasubiye mu bice canke ibihugu baturukamwo mu gice ca mbere c’uyu mwaka.

Ishirahamwe HCR rivuga ko abantu bashasha barenga imiliyoni 4 n’ibihumbi 300 bavuye mu zabo hagati y’ukwezi kwa mbere n’ukwezi kwa gatandatu mu bihugu 33, aho rikwirikirana ivyerekeye abava mu zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG