Uko wahagera

OMS Yanse Gukora Amatohoza Etiyopiya Isaba kuri Tedros


Tedros Adhanom Gebreyesus atwara OMS
Tedros Adhanom Gebreyesus atwara OMS

Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, ryashize ku ruhande ivyasabwe na Etiyopiya vy'uko rigira itohoza ku muyobozi waryo, Tedros Adhanom Gebreyesus ku vyo imwagiriza ko yoba akorana n'abarwanya ubutegetsi bo mu ntara ya Tigreya.

Ishirahamwe OMS ryatangaje uno musi ku wa mbere ko ata ngingo rizofata ku vyasabwe n’ico gihugu. Umukuru w’urwego nshingwabikorwa w’ishirahamwe OMS, Patrick Amoth yabitangaje mu nama y’urwo rwego i Geneve mu Buswise. Aho mu Buswise hariko habera inama iriko yihweza ikiringo kigira kabiri c’umuyobozi w’iryo shirahamwe Terdos Adhanom Ghebreyesus.

Tedros, umunya Etiyopiya, mu ntango z’ukwezi yatangaje abategetsi ba Reta ya Etiyopiya banse ko imfashanyo igenewe intara akomokamwo ya Tigreya ihashika. Amoth yatangaje ko ivyasabwe na Reta ya Etiyopiya ari ikibazo kitoroshe na gato gifise ingaruka za politike, kandi ko kirengeye ivyo ishirahamwe ayoboye rijejwe. Abona ko coshirwa ku ruhande. Nta n’umwe mu banywanyi 34 bagize urwego nshingwabikorwa rwa OMS yahakanye ivyo Amoth yatangaje.

Kw’italiki 14 y’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Etiyopiya bwaragirije umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus ko akwiragiza amakuru y’ibinyoma ku ngwano ibera mu buraruko bw’igihugu. Buvuga ko ivyo yatangaje bigeramira icizere abantu bafitiye OMS hamwe n’ubwigenge bwaryo.

Umuvugizi wa Reta ya Etiyopiya, Lagesse Tulu, avuga ko ingingo yatangajwe uno musi ku wa mbere n’umuyobozi w’urwego nshingwabikorwa rwa OMS, Patrick Amoth yerekana ko iryo shirahamwe ryerekanye uguhengama kwaryo ku vyatangajwe na Tedros Adhanom Ghebreyesus. ( Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG