Uko wahagera

OMS Ibabajwe n'Amabi Yakorewe Abakobwa n'Abagore muri Kongo


Umuyobozi w’ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika, Matshidiso Moeti
Umuyobozi w’ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika, Matshidiso Moeti

Ayo mabi arimwo ibirego vyo gufata abapfasosni n’abigeme ku nguvu vyakozwe n’akozi b’Abanyecongo hamwe n’abakozi b’abanyamahanga.

Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS ryatangaje ko ribabajwe n'ivyashikirijwe muri raporo y'umurwi wigenga kw'itohoza wakoze ku mabi yakorewe abapfasoni n'abigeme muri Republika ya demokrasi ya Congo.

Umuyobozi w’ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika, Matshidiso Moeti ni we yabitangaje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru uno musi ku wa kabiri. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus yatangaje ko raporo y’umurwi ujejwe itohoza iteye agahinda.

Uwo murwi wasanze 21 ku bantu 83 bagirizwa ko bakoze ayo mabi bakoreshwa n’ishirahamwe OMS. Ayo mabi arimwo ibirego vyo gufata abapfasosni n’abigeme ku nguvu vyakozwe n’akozi b’Abanyecongo hamwe n’abakozi b’abanyamahanga.

Abakorewe ayo mabi ntibaronse imfashanyo ihagije ikenewe ku baba bakorewe amabi nk’ayo. Mw’itohozwa ryakozwe ryashizwe ahabona mu mwaka uheze, abapfasoni barenga 50 bagirije abakozi b’ishirahamwe OMS n’ayandi mashirahamwe y’abagiraneza ko babasavye kugira imibonano mpuzabaitsina kugira babaronse akazi mu gihe c’ikiza ca Ebola hagati y’umwaka w’i 2018 n’umwaka w’i 2020.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG