Uko wahagera

OMS: Ebola Ishobora Gusubira Kwaduka muri Kongo


Igisata ca OMS kijejwe gukinga ingwara z'ivyaduka n'izisaba kwitabwaho bidatevye kigabisha ko ikiza ca Ebola gishobora gusubira gushinga imizi muri Kongo.

Muganga Peter Salama ajejwe ico gisata muri iryo shami rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS, asigura ko umutekano muke, abanyagihugu batemera ko bacandagwa n'abanyepolitike batera ubwoba abanyagihugu ku vyerekeye incanco ari muri bimwe bishobora gutuma Ebola yongera gutera Kongo.

Naho OMS ishima intambwe igezeko mu kurwanya Ebola mu buseruko bw’intara ya Kivu yo mu buraruko, yemeza ko izo ntambamyi co kimwe n'ibihe vy'amatora vyimirije bishobora kuyiciramwo.

Ibiharuro vya nyuma vyatangajwe n'abajejwe amagara y'abanyu muri ico gihugu vyemeza ko ico kiza aho giheruka cahitanye abagera kw' i 100 muri 150 bari bacanduye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG