Uko wahagera

OMS: Abazohitanwa na Malariya muri Afurika Bazokwiyongera


Ishirahamwe OMS ririko rigabisha ko urugamba rw’ukurwanya malariya mu karere ko musi y’ubugararwa bwa Sahara rushobora gusubira inyuma imyaka 20 mu gihe ibihugu vyo muri ako karere biriko bishimikira ku vyerekeye kurwanya ikiza c’umugera wa Corona.

Ishirahamwe OMS ritangaza ko abantu ibihumbi 769 bashobora guhitanwa na malariya muri ako karere uyu mwaka mu gihe urugamba rw’ukurwanya iyo ndwara ruhagaze kubera ikiza c’umugera wa Corona.

Umuyobozi w’ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika, Matshidiso Moeti, yatangaje ko bategerezwa kutareka ngo ibintu bisubire inyuma mu rugamba rw’ukurwanya malariya.

Uwo muyobozi wa OMS asaba ibihugu vyose kutadebukirwa ku ntambwe zimaze gushikwako mu bijanye n’ubuvuzi mu gihe bahanganye n’ikiza gishasha.

Kugabisha ku vyerekeye indwara ya malariya bibaye imbere y’umusi mupuzamakungu wahariwe malariya uzohombazwa ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi.

Malariya iracari imwe mu ndwara zica abantu benshi cane kurusha izindi mu bihugu bifise uburyo buke

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG