Uko wahagera

Abarundi Birukanwe mu Rwanda Babayeho Bate?


Ntega
Ntega

Abarundi baherutse kwirukanwa mu Rwanda baba muri commune Ntega bavugako babayeho mu buzima butoroshe. Abo barundi bashika 1116 mu bashika 1320 baciye muriyo komine bavugako bafise ikibazo c'uburaro. Ni mugihe benshi muribo bavugako bari bamazeyo imyaka myinshi, aho bavuka naho ntamazu bahafise.

Uno musi bamwe bacumbikiwe n'imiryango yabo,abandi mu babanyi,incuti n'abagenzi Basaba abagiraneza n'abandi babishoboye kubafashisha ibikoresho vyokubaka nk'ibiti, amahema n'ibindi.

Ikindi kibazo gihanze abo banyagihugu n'ingorane zo kuronka ivyo bafungura. Ni mugihe bashitse mu Burundi vyabonekako ataco baje bazanye kiretse udukoresho tumwetumwe two mu nzu nk'amjerikani,bavugako ivyo kubatunga atanakimwe bazanye nk'imyaka ibitungwa n'ibindi. Kuri uwu wa kabiri niho bariko bararonswa ubwambere imfungurwa barungikiwe n'ubushikiranganji bwo gushigikirana.

Ntwaza Dieu Aime umuhanuzi wa musitanteri ajejwe iterambere n'ubutunzi avugako abirukanywe bose bashikiye mubandi banyagihugu kandi ko atanahamwe hari abegeranirijwe hamwe. Uwo mutware avugako naho ubushikiranganji bwo gushigikirana bwarungitse agakemanyi, imfashanyo z'abandi bagiraneza zirakenewe. Aha mwomenyako iyirukanwa gihutihuti ry'abo barundi ryatumye haboneka n'imiryango itandukana, ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mbabare, CICR rikaba ryamaze kwishinga kwegeranya imiryango yatanye.

XS
SM
MD
LG