Uko wahagera

Danemark: Twagirayezu Ashobora Koherezwa Kuburanishirizwa mu Rwanda


Bamwe mu bamenyeshamakuru n'aba polisi ku nyubako y'ahakorera sentare yungururizwamwo imanza mu gisagara ca Copenhague mu 2017

Sentare yungururizwamwo imanza yo mu gisagara ca Copenhague, mu gihugu ca Danemark, yafashe ingingo uno musi ku wa gatanu ko Wenceslas Twagirayezu, ashobora kurungikwa mu gihugu ciwe c’amavuko c’u Rwanda.

Uyu mugabo afise ubwenegihugu bwa Danemark, yikekwa ko yakoze ivyaha vy’agahomerabunwa mu mwaka w’i 1994 mu Rwanda.

Bikekwa ko ubwo bwicanyi bwabereye mw’isengero no kw’ishule kaminuza aho abantu barenga 1000 bishwe.

Twagirayezu, afise imyaka 49 muri iki gihe, yahagaritswe mu kwezi kwa gatanu mu mwaka w’i 2017. Yaronse ubwenegihugu bwa Danemark mu mwaka w’i 2014. Kugeza ubu, yarahakanye ivyaha yagirizwa.

Ivy’uko Twagirayezu azokwunguruza ingingo ya sentare yungururizwamwo imanza yo mu gisagara ca Copenhague ntivyari bitomoye buno nyene. Ahubwo yatangaje ko ni yo yarungikwa mu Rwanda, azokwakira ko igihe ciwe c’ugupfa kigeze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG