Uko wahagera

Nijeriya Yabohoje Abandi Banyeshure 10 mu Bana 150 Banyurujwe


Umwe mu banyeshure babohojwe
Umwe mu banyeshure babohojwe

Muri Nijeriya, abagizi ba nabi barekuye abandi banyeshure 10 mu bo bari baranyuruje bavanye kw’ishure ryegukira isengero ry’aba Batiste riri mu buraruko bushira uburengero bw’ico gihugu.

Umukuru w’iryo shure ryitwa, Bethel Baptist High School, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, ko abasigaye kubohozwa mu banyurujwe haraheze amezi abiri ari 21.

Reverend John Hayab atwara iryo shure yavuze ko hari amafaranga atatangajwe igitigiri yatanzwe kugira habohozwe abana umunani, hama abandi babiri bakaba barekuwe kubera uburwayi bafise. Naho atatangaje amafaranga yatanzwe muri rusangi, mu misi yahera yari yavuze ko ababanyuruje basaba ko hatangwa amadorali y’amerika hafi 2500 ku mwana umwe kugira arekurwe.

Mu kwezi guheze, abanyuruje abana bababa 150 bari barekuye 15. Aba baje biyongera ku bandi barekuwe mu kw’indwi. Abategetsi ba Reta ya Kaduna ishure rya Bethel Baptist riherereyemwo bavuga ko abanyuruje abo bana ari ababandi. Kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri, abantu bitwaje ibirwanisho bamaze gutera amashure ashika kuri 10 muri Nijeriya.

Ukunyuruza abana muri Nijeriya muri kahise vyakunda gukorwa n’intagondwa za Boko Haram hamwe n’abarwanyi biyitirira idini rya Isilamu. Ariko biraharawe ko ubu hari n’ababandi babikora bakeneye gusaba amafaranga. Ikigega ca ONU citaho abana, UNICEF, kivuga ko abana bagera ku muriyoni umwe muri Nijeriya yose bashobora kutazoja kw’ishure bivuye ku bwoba bw’umutekano wabo no gutinya ko bonyuruzwa

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG