Uko wahagera

Nijeriya: Reta Yemeje ko Abakobwa 110 Banyurujwe


Bamwe mu bigeme bigeze kunyuruzwa na Boko Haram mu 2014, bagashobora gutoroka

Inyuma y’imisi itandatu y’igipfungu no kwivuguruza kw’inyuruzwa ry’abakobwa 110 bo kw’ishure rya reta riri mu kigwati ca Dapchi, giherereye mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, Reta y’ico gihugu yatangaje ko abo bakobwa bose banyurujwe.

Ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru muri Nijeriya, mw’itangazo ryabwo ryo kuri uno wa Mungu, bwavuze ko bwemeje ayo makuru bufatiye ku bitigiri bukura mu bavyeyi batazi irengero ry’abana babo.

Abo bakobwa vyatanguye kunugwanugwa ko boba banyurujwe, inyuma y’igitero cakozwe kw’ishure ryabo n’abarwanyi bikekwa ko ari abo mu muhari w’iterwabwoba Boko Haram.

Abategetsi bo mu nzego z’umutekano, mu gisagara ca Yobe kirimwo ishure ry’abo bigeme, bagiye barivuguruza kuri ico kibazo. Ku musi wa gatatu igisirikare ca Nijeriya cari cavuze ko carokoye abakobwa 76.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG