Uko wahagera

Boko Haram Yemeza Ko Bamwe Mu Bakobwa Bishwe


Ividewo yasohowe n'umugwi Boko Haram kur'uyu w'Imana yerekana abakobwa 218 baturuka mu gisagara ca Chibok, mu bumanuko bwa Nijeriya, ko bakiri mu minwe yabo.
Ividewo yasohowe n'umugwi Boko Haram kur'uyu w'Imana yerekana abakobwa 218 baturuka mu gisagara ca Chibok, mu bumanuko bwa Nijeriya, ko bakiri mu minwe yabo.

Mu gihugu ca Nijeriya, umugwi w’iterabwoba Boko Haram, uhurikiyemwo aba djihadiste, wasohoye i video, kur’uyu w’Imana, aho werekana abakobwa wanyuruje, baturuka mu gisagara ca Chibok, kiri mu ntara ya Borno, mu bumanuko bwa Nijeriya mu mwaka w’2014.

Iyo video, yerekanywe ku buhinga ngurukanabumenyi, yerekana abakobwa bitwikiriye, bicaye hasi, baraba inyuma. Abakobwa bashika 218, ku 276 bari banyurujwe, bakuwe mw’ishure ryisumbuye, mu gisagara ca Chibok, n’ubu akaba atawuzi irengero ryabo. Imyaka ibiri iraheze, Reta ya Nijeriya igerageza kubarondera.

Iyo video niyo yanyuma yasohowe n’umurongozi w’umugwi Boko Haram, Abubakar Shekau, aho mu ntango z’ukwezi kw’umunani, yasohora itangazo ribeshuza inkuru zavuga ko yasubirijwe n’uwundi murongozi.

Mur’iyo video y’iminota cumi n’umwe, haboneka umugabo yipfutse avuga ko abo bakobwa bakiri mu minwe yabo. Yongera avuga ko abashika kuri 40 muri bo, barongowe hisunzwe itegeko ry’Imana, abandi nabo bakaba barapfiriye mu bitero vy’indege vyabaye.

Mur’iyo video kandi, umwe mur’abo bakobwa yasavye Reta kurekura abagwanyi b’uwo mugwi, kugira nabo bashobore kurekugwa.

Mu mwaka uheze w’2015, igisirikare ca Nijeriya caratanje ko carokoye abantu amajana bari bagizwe imbohe na Boko Haram, ariko mur’ivyo vyegeranyo, abo bakobwa ntibarimwo.

XS
SM
MD
LG