Uko wahagera

Nijeriya: Abanyeshure Baharurwa mu Majana Baburiwe Irengero


Ishure Ryatewe
Ishure Ryatewe

Muri Nijeriya abanyeshure baharurwa mu majana baburiwe irengero inyuma y’igitero abitwaje ibirwanisho bagavye kw’ishure ryisumbuye riri muri Reta ya Katsina mu buraruko bw’ico gihugu.

Ico gitero cagabwe ku munsi wa gatanu mw’ijoro. Abakigavye bari ku ma moto batanye mu mitwe na Polisi mu kiringo c’isaha irenga nkuko umuvugizi wa polisi muri Nijeriya abivuga. Uwo muvugizi ntiyatomoye niba hari abaguye muri uko gutana mu mitwe canke bagukomerekeyemwo.

Bamwe mu bana bashoboye gutoroka babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, ko batorotse bava mw’ishamba bari batwawemwo. Abavyeyi barereye kuri iryo shure rya Reta ryigisha siyansi rikigakoabana b’abahungu gusa, nabo bazindutse basaba Reta gukora ibishoboka vyose bakongera kubona abana babo.

Abantu bitwaje ibirwanisho barakunze kugaba ibitero muri Nijeriya bakagirako bananyuruza abantu, bongera basahura. Mu kwezi kwa munani uno mwaka, banyuruje umwigisha n’abanyeshure bo kw’ishure riri muri Reta ya Kaduna ifatanye n’iyo ya katsina. Abo ariko baje kurekurwa habanje gutangwa amafaranga atatangajwe uko angana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG