Uko wahagera

Umwihevyi w'Umwigeme Yishe 5 Muri Nijeriya


Igipolici ca Nijeriya gitangaza ko umwigeme w’umwihevyi yishe abantu batanu mugitero yagize mukibanza ingenzi zitegeramwo imiduga mu ntara iri muburaruko bushira ubuseruko, I Damaturu.

Ico gitero cabaye mugitondo c’umusi wa kabiri cakomerekeje abandi bantu bashika kuri 28.

Nta uwuriyitira ico gitero, ariko mubitero umugwi wa Boko Haram uraheruka kugira murako karere warakoresheje abigeme n’abakenyezi, bigatuma abantu bagira amakenga yuko Boko Haram ishobora kuba ikoresha abantu inyuruje.

Tubibutse ko mugitero Boko Haram yagize mu kigwati kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya mu mwaka uheze, Boko Haram yanyuruje abigeme bagera ku majana atatu, muribo 200 bakaba bataramenyekana amaherezo yabo.

Umugwi wa Boko Haram umaze kwemera icese ko uzokurikiza amabwiriza y’umugwi w’intagondwa za Etas Islamic, umaze ku gandagura abantu barenga ku bihumbi cumi mu mugambi w’ayo wo gushinga reta yo mu buraruko bwa Nijeriya igendera ku mategeko y’idini ya Islam.

XS
SM
MD
LG