Uko wahagera

Nicaragua: Kurondera Abahitanywe n'Igihuhusi Iota Birabandanya


Ibikorwa vyo kurondera abasenyukiweko n’amazu n’imisozi muri Nicaragua inyuma y’igihuhusi, Iota, cahitanye n’imiburi buri 12 barimwo abana birabandanya.

Abategetsi muri ico gihugu bavuga ko ibitigiri vy’abahitanywe n’ico gihuhusi bishobora kwiyongera. Igisirikare kiri mu bariko baratabaracemeza ko hari uburere biriko biragorana ko bashikamwo bitewe n’amabarabara yacitse, ayandi akaba yaguyemwo ibiti.

Igihuhusi Iota caciye muri Nicaragua ku munsi wa mbere, kiza gisongera isibe y’ingaruka zari zatewe n’ikindi ciswe Eta caciye muri ico gihugu nyene haraheze indwi zibiri.

Ahandi igihuhusi Iota kiriko kiraca ni muri Colombiya: aha kimaze guhitana abantu babiri, muri El Salvadorumwe co kimwe na Panama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG