Uko wahagera

Ubwicanyi mw’Ishamba rya Rukoko Mu Burundi


Abakoze ico gitero, bavuye mw'ishamba cimeza ryo mu Rukoko, mu ntara ya Bubanza, ku birometero cumi na bibiri uva mu gisagara ca Bujumbura. Kandi ngo bari bambaye impuzu za gisirikare, bitwaje inkoho n'imipanga

Ku wa gatatu igenekerezo rya15 muri uku kwezi kw’icenda, mw'ishamba cimeza rya Rukoko mu Burundi, abantu bitwaje ibigwanisho barishe abantu batandatu, bakomeretsa abarenga cumi, abandi benshi baranyuruzwa.

Abacitse kw'icumu mur'ico gitero cakozwe igihe c'isaha zitatu zo mu gitondo babwiye Ijwi rya Amerika ko abateye baje bava mw'ishamba cimeza ryo mu Rukoko, mu ntara ya Bubanza, ku birometero cumi na bibiri uva mu gisagara ca Bujumbura. Kandi ngo bari bambaye impuzu za gisirikare, bitwaje inkoho n'imipanga. Bashitse mu m urima w'ibikaju w'umurwizatunga Nahum Barankiriza, babwiye abakozi ko baje kubagirisha inama. Babanje kubegeranya hanyuma babarungikamwo amasasu, abandi bakoresha imipanga. Abantu batandatu baciye bitaba Imana, abarenga cumi barakomereka, abandi batazwi igitigiri bagirwa imbohe.

Umuvugizi w'ugwego gw’igisirikare c'Uburundi, koroneri Baratuza Gaspard aremeza ko ibitero bijanye n'ubwicanyi bikorwa cane muri iki gihe mu turere twinshi tw'igihugu. Ntadoma neza urutoke kubabikora, ariko avuga ko ari abagizi ba nabi n'abicanyi.

Ico gitero cakorewe mu ntara ya Bubanza kibaye mu gihe mu gihugu, haba ku maradiyo, mu binyamakuru canke mu biyago vyo hirya no hino havugwa imigwi y'abagwanyi iriko iravuka. Pacifique Nininahazwe, umukuru w'urunani rw'amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, FORSC, yabariye Ijwi rya Amerika ko vyibonekeza ko ibijanye n'umutekano bitifashe neza, agasaba abategetsi kubisigurira neza abanyagihugu.

Iki gitero kibaye kandi inyuma y'aho igisirikare c'Uburundi gitangarije ko umusirikare w'ipete ya majoro, yahoze ari mu mugwi w'abagwanyi ba FNL, yataye akazi. Gushika ubu ugwego gwa gisirikare ruvuga ko rutazi irengero ryiwe. Majoro Nzabampema yakuye meza inyuma y'aho abakuru b'imigambwe FNL, MSD, ADR na CNDD, yiyamirije ivyavuye mu matora, bakuye meza nabo nyene, bakaja mu kinyegero. Pacifique Nininahazwe umukuru w’urunani, FORSC, avuga ko ivyo bintu atari ivyo gufata minenerwe. Aho nyene mu Rukoko habereye ubwo bwicanyi, mu ndwi irangiye haratowe ibiziga vy'abantu indwi, mu kiyaga Tanganyika naho hatogwa ibiziga birenga cumi. Abo bantu bose nti bashoboye kumenyekana. Mu ntara za Bubanza, Cibitoke, Kayanza na Bujumbura ubwicanyi bukorwa n'abantu bitwaje ibigwanisho burmaze guhitana abantu barenga mirongo itatu mu ndwi zibiri ziheze.

XS
SM
MD
LG