Uko wahagera

Nelson Mandela Yarahimbaje Imyaka Mirongo Icenda n’Itatu yiwe y’Amavuko.


Nelson Mandela Yarahimbaje Imyaka Mirongo Icenda n'Itatu y'Amavuko
Nelson Mandela Yarahimbaje Imyaka Mirongo Icenda n'Itatu y'Amavuko

Abantu bo mu bice bitandukanye vyo kw’isi, umuryango wiwe n’abagenzi baramurungikiye ubutumwa bw’ukumukeza.

Nelson Mandela, yahoze ari prezida w’igihugu ca Afrika y’epfo, akongera akaba yaratsindiye agashimwe kitiriwe Nobel, yarahimbaje ejo ku musi wa mbere, imyaka mirongo icenda n’itatu yiwe y’amavuko. Abantu bo mu bice bitandukanye vyo kw’isi, umuryango wiwe n’abagenzi baramurungikiye ubutumwa bw’ukumukeza.

Prezida w’igihugu ca Afrika y’epfo muri iki gihe, Jacob Zuma, yaragendeye Mandela i muhira iwe mu gisagara ca Qunu mu ntara yo mu buseruko bwa Cape aho yavukiye kw’italiki 18 z’ukwezi kw;indwi mu mwaka w’1918.

Prezida Zuma yabwiye abamenyeshamakuru ko Mandela yari ashwashwanutse. Amasanamu yashikirijwe ibinyamakuru, radiyo na televiziyo yerekanye Mandela akikujwe n’insuhiti ziwe ariko aramwenyura.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ryatangaje italiki cumi n’umunani z’ukwezi kw’indwi, umusi wahariwe Nelson Mandela, mu bitera iteka umuntu yamaze hafi y’imyaka mirongo itatu apfungiwe urugamba rwiwe rw’ukwiyamiriza intwaro yahebwe ya Apartheid.

Prezida wa Amerika, Barack Obama yavuze ko Mandela ari akarorero k’amakungu, n’abantu bose bakorera demokrasi, ubutungane n’ugusubiza hamwe.

XS
SM
MD
LG