Uko wahagera

Imvura Yaguye muri Senegali mw'Ijoro Rimwe Ingana Iyigwa mu Mwaka


Umurwa mukuru wa Senegal waronse mw'ijoro rimwe imvura ingana n'iyo uronka mu bisanzwe mu kiringo c'umwaka. Abantu ibihumbi n’ibihumbi ntibagira aho bakika umusaya ku murwa mukuru, Dakar uno musi ku wa mbere. Ni inyuma yuko imvura nyinshi cane irimwo imiyaga myishi iguye mu mpera z’iyi ndwi turangije. Iyo mvura yatumye amabarabara ahinduka inzuzi.

Amasanamu ya video yerekanye abanyagihugu baba mu bice biri ku nkengera z’umurwa mukuru, Dakar bariko baca mu mazi abagera mu gikaraza inyuma y’iyo mvura nyinshi cane yatanguye mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije. Abantu 6 bavurwa ko bahasize ubuzima mu gihugu cose.

Ikinyamakuru ca Reta, “Le Soleil” gitangaza ko bimwe mu bice vy’umurwa mukuru vyaronse ku musi wa gatandatu imvura mu bisanzwe bironka mu mwaka muzima.

Abanyagihugu bariko basaba Reta kubafasha. Abategetsi ba Reta bavuga ko bashizeho imigambi n’ingingo vyihutirwa. Ivyo vyatumye Reta isohora amafranga mu buryo bwihutirwa kugira afashe abajejwe gutabara bafasha gukura abanyagihugu mu bice vyarengewe n’amazi.

Abahinga mu vyerekeye ikirere batangaza ko iyindi mvura izorwa muri iyi ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG