Uko wahagera

Museveni Asaba ko Umutekano w'Abashingamateka Ukingirwa


Abasirikare ba Uganda
Abasirikare ba Uganda

Inyuma y'ukwezi kumwe hari umushingamateka wo mu mugambwe uri ku butegetsi agandaguwe n'abantu bataramenyekana, perezida wa Uganda Yoweri Museveni yategetse ko abashingamateka muri ico gihugu baronswa ababakingira umutekano.

Ku bwa Museveni abokingira umutekano w'abashingamateka baba ari abasirikare bafise ubuhinga bwo kurasa kandi bakagendera mu modoka zirinda insoro co kimwe n'abashingamateka bazoba bakingiye.

Abakurikiranira hagufi ikoreshwa n'itunganywa ry'amafaranga ya Reta baja bamaze kwiyamiriza iyo ngingo basigura ko zosaba uburyo bwinshi.

Julisu Mukunda aramutswa urunani rw'amashirahamwe agenzura uko amatungo y'igihugu akoreshwa muri Uganda yemeje ko kugira uwo mugambi ukunde, hazokenerwa amafaranga arenga imiliyoni 10 y’amadolari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG