Uko wahagera

Muri Nijeriya 50 Barimwo Abagore n'Abana Baranyurujwe


Map of Nigeria
Map of Nigeria

Mu gihugu ca Nijeriya, abantu barenga 50 barimwo abagore bibungenze hamwe n’abana, baranyurujwe igihe haba igitero ku gasagara ko mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu.

Ico gitero cabereye mu gasagara kitwa Wurma ko mu ntara ya Katsina, catanguye mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri.

Abapolisi bavuga ko abantu banyurujwe bashika kuri 15, yamara abanyagihugu batari bake, bavuga ko abanyurujwe barenga ico gitigiri.

Abanyagihugu indwi hamwe n’umwe mu bantu bari banyurujwe, agaca arekurwa, bavuga ko abantu bashika 53 ari bo banyurujwe, kandi ko muri bo, harimwo abagore bibungenze hamwe n’abana.

Bamwe mu miryango y’abanyurujwe, baramaze kuronka ubutumwa bubasaba gutanga amafaranga y’ingwati kugira ngo, ababo barekurwe.

Itangazo ryasohowe n’igiporisi rivuga ko abakenyezi 15 banyurujwe, ariko ko 10 muri bo, barekuwe batariwe urwara, inyuma y’aho abo bagizi ba nabi, bataniye mu minwe n’igipolisi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG